Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Real Madrid na Man City muri 1/2
Umugwi w'umupira w'amaguru wa Man City watsindiye kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, inyuma yo gutsinda PSG igitego 1-0.
Bari ku kibuga cabo ca Etihad, Man City yarashoboye gutsinda igitego kimwe rukumbi cabonetse muri urwo rukino ku munota wa 76 mu gice ca kabiri, cinjijwe na De Bruyne.
Muri rusangi, Man City yatsinze PSG ibitego 3-2, kuko mu rukino rwa mbere bari banganije 2-2.
Mu rundi rukino, Real Madrid yakubise Wolfsburg 3-0. ibitego vyose vyinjijwe n'umukinyi Christiano Ronaldo.
Mu rukino rwa mbere, Wolfsburg bari batsinze Real Madrid 2-0, bituma Real Madrid ari bo bazoca babandanya ihiganwa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Izo nkino zirabandanya kuri uyu wa gatatu n'inkino zibiri, aho Benfica ihura na Bayern Munich, mu gihe Atletico Madrid bazoba bariko barahura na Barcelone ku kibuga ca Barnabeu.