Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urwanda rwakiriye inama yiga ku bukungu bwa Afrika
Igihugu c'Urwanda catunganije ku ncuro ya mbere inama mpuzamakungu yerekeye ubutunzi kw'isi-WEF
Ijambo shimikiro ry'iyo nama ni "Gusangira ubutunzi bwa Afrika hakoreshejwe ubuhinga bw'inyabwongo (Ordinateur)."
Abantu barenga 1,200 bo mu mihingo yose y'isi, benshi bakora akazi ko kudandaza hamwe n'abategetsi b'amareta ni bo bitavye iyo nama izokwiga ubushobozi bwa Afrika mu gihe isi iriko irinjira mu mpinduka igira kane yerekeye amahinguriro.
Inkuru ziva muri WEF, zivuga ko iyo nama ibera mu gihugu c'Urwanda ifise intumbero yo kwemera, guha agaciro no gufata ingingo kw'abategetsi ba Afrika mu gihe bariko barafashanya kwubaka ibihugu vyabo biriko biratera imbere mu butunzi kw'isoko ribandanya mu misi iri imbere.
Reta y'Urwanda yiteze kwerekana ubushobozi ifise, no mu gihe yibuka imyaka 22 irangiye habaye genocide yahitanye abantu ibihumbi 800.