Umushikiranganji mushasha muri reta y'Uburundi

Yatangajwe
Domitien Ndihokubwayo ni we mushikiranganji mushasha w'ikigega ca reta muri reta y'Uburundi.
Ndihokubwayo yahora arongoye ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya reta OBR, asubiriye Tabu Abdallah Manirakiza agiye gushingwa ayandi mabanga yo kuba icegera c'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d'Afrique Centrale)

Ahavuye isanamu, Other
Ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ibiro vy'umukuru w'igihugu bamenyesheje iryo genwa.
Ntiharamenyekana uwugiye gusubira uwo mushikiranganji mushasha muri OBR.





