Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hilary Clinton arashinjwa
Iperereza ryakozwe n'ubushikiranganji bw'imibano n'amahanga bw'Amerika, ryagaragaje ko Hilary Clinton wiyamamariza umwanya w'umukuru w'igihugu mw'ishyaka ry'abademokarate, atakurikije amategeko igihe yari umushikiranganji w'imibano n'amahanga.
Iryo perereza rivuga ko yakoresheje email ye itarifite gukingirwa mu bikorwa yakoreraga leta.
Mu cyegeranyo cyari kimaze igihe kirekire gitegerejwe, haravugwa ko Hilary Clinton n'ibyegera bye, bahisemo kudakorana n'itsinda ryakorage iryo perereza.
Icyo cyegeranyo kivuga ko habonetsemo intege nke zidashobora gukorwa nk'umuntu ufite igihagararo n'umwanya wa Hilary Clinton. Ngo amakosa ye akabije kuba mabi kurusha abamubanjirije.