Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubufaransa n'Ubudagi baribuka intambara ya Verdun
Prezida Francois Hollande w'Ubufaransa n'umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Angela Merkel baribuka imyaka ijana irangiye habaye intambara y'i Verdun, yamaze igihe kirekire mu ntambara ya kabiri y'isi yose.
Abasirikare amajana n'amajana b'abafaransa n'abadagi barapfiriye muri iyo ntambara yamaze amezi icumi mu buraruko bushira bushira ubuseruko bw'Ubufaransa.
Umufaransa busa n'uko ari bwo bwayitsinze.
Ariko uyu musi, Verdun ibonwa nk'ikimenyetso co gusubiza hamwe hagati y'Ubufaransa n'Ubudagi, kandi vyitezwe ko prezida Hollande na mugenzi we Merkel basubira gusaba ko Uburaya bwokunga ubumwe.
Ibirori vyatanguye abo bategetsi babiri bagendera itondo ry'abapfuye ririmwo abasirikare b'abadagi i Consenvoye, mu buraruko bwa Verdun.
Baca baja ahabera ivyo birori muri Verdun City Hall, imbere yo gushira amashurwe ku cibutso kiri muri ico gisagara.
Ibirori vyo kwigina uwo musi nyezina bibera Ossuary Douaumont inyuma y'umutaga, aho abo bategetsi babiri baza gushikiriza amajambo.
Ivyo birori biza gushimikira ahanini ku ndero y'urwaruka kandi biza kuba vyitabwe n'abana bashika 4,000 bo mu Budagi n'Ubufaransa.