Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuhinde bugiye kwongereza umutekano w'abanyafrika
Reta y'Ubuhinde yiyemeje gufata ingingo zikomeye ku bantu bafata nabi abantu bava muri Afrika, baba mu gisagara gikuru ca Delhi.
Mu ndwi ziheze, harigaragaje ifatwa nabi ry'abanyafrika mu gisagara ca Delhi.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Rajnath Singh, yavuze ko yategetse igipolisi co muri ico gisagara gufata abagirwa n'ivyo vyaha.
Ivyo bikorwa bibi vyatumye haba ukurabana ribi hagati y'abaserukira ibihugu vyabo vya Afrika n'ubutegetsi bw'Ubuhinde.
Ibintu bibi bimaze kugirirwa abanyafrika bimaze kumenyekana ni 6.
Kimwe kibi cane gusumvya, ni umunya Congo yakubiswe gushika apfe bivuye kumishamirano yadutse yakotesheje tukutuku.
Ivyo vyatumye haba umwumvikano muke hagati y'abaserukira bimwe mu bihugu vya Afrika hamwe n'ubutegetsi bw'Ubuhinde.