Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 7 biciwe mu midugararo muri Nigeria
Abantu 7 barishwe ku musi wa mbere mu burengero bw'igisagara ca Asaba, mu gihugu ca Nigeria mu midugararo hagati y'igisirikare n'abantu bo mu bwoko bw'aba Biafra.
Ubwo bwoko bushaka kwiyonkora kuri ico gisirikare, nk'uko biri mw'itororokanirizo ry'amakuru rya Associated Press.
Abanyagihugu batanu n'abapolisi babiri bishwe igihe iyo ntambara yatangura mu myiyerekano yo gushaka kwishira no kwizana kw'aba Biafra, nk'uko bivugwa n'igipolisi co mu ntara ya Delta.
Abantu barenga umuliyoni barasize ubuzima mu ntambara yabaye hagati y'imyaka ya 1967-1970, aho igisirikare cagwana kibuza uburengero bw'ico gihugu kwiyonkora, kugira biyite intara yigenga ya Biafra.
Abari mu muhari w'intara ya Biafra ishaka kwiyonkora babwiye abamenyeshamakuru ko abantu bapfuye ari benshi ugereranije n'ibiharuro vyatanzwe n'igipolisi.
Prezida wa Biafra n'iyindi migwi yiyonkoye bagize imyiyerekano kuri uyu wa mbere, umusi baronkera ukwishira n'ukwizana.