Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amnesty International isaba ECOWAS kwirukana Gambia
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amensty International, ryasavye ishirahamwe ry'akarere k'uburengero bwa Afrika, ECOWAS, kwirukana Gambia ibintu nibitahinduka.
Amnesty ivuga ko leta ya Gambia yakoze ico yita ihohoterwa ry'abanyepolitike batavuga rumwe na leta imbere y'amatora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Ngo abashigikiye abatavuga rumwe na leta barenga mirongo itanu barindiriye gucibwa urubanza, nayo abashika mirongo itatu na batandatu bapfunzwe ata rubanza baracibwa.
Umwe mu banyepolitike batavuga rumwe na leta yaguye mu munyororo nyuma yo gukubagurwa.
Mu kwezi guheze umukuru w'igihugu, Yahya Jammeh, yavuze ko atazotegeka ko haba itohoza, avuga ko ari ibisanzwe ko impfungwa zipfira mu munyororo.