Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
James Ibori yatashe nyuma y'igipfungo mu Bwongereza
James Ibori, umunyepolitike akomeye wo muri Nigeria yari apfungiwe mu Bwongereza yagirizwa kunyuruza imiriyoni 80 z'amadolari, yatashe muri Nigeria.
Yarekuriwe i London mu kwezi kwa cumi na kabiri, nyuma yo kumara imyaka irenga ine mu munyororo, ku myaka 13 yari yakatiwe.
Ipfungwa ry'uyu mugabo yahoze ari buramatari w'intara ya Delta, ryafashwe nk'ikintu gikomeye mu rugamba rwo kurwanya igiturire.
Mu biganiro vyinshi yatanze kuva arekuwe bwana Ibo yavuze ko ashobora gusubira muri politke, naho kuri ubu atavyemerewe kuko yaciye mu munyororo.
Ariko avuga ko iyo ngingo ibimubuza azoyunguruzako.