Houston: Ibiro vy'umukuru w'igihugu biriko bisaba imfashanyo inama nshingamateka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibiro vy'umukuru w'igihugu bivuga ko bigiye gusaba inama nshingamateka gutanga imfashanyu yihuta ko basizwe iheruheru n'igihugusi ca Harvey.
Vyitezwe ko prezida Trump asaba imiriyaridi 5.9 z'amadolali.
Abategetsi ba Texas bavuga ko iyo ntara ishobora gukenera amahera arenga imiriyaridi 125 z'amadolali.
Abantu boba bashika 39 barapfuye bazize ico gihuhusi n'inkurikizi yaco, kandi mu buseruko bwa Houston umwuzure uguma wongerekana.
Mu rugendo rwiwe i Texas, icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yemeye imfashanyo y'igihugu yo " gusanura kandi hakwubakwa neza gusumba uko vyahora".
Umumenyeshamakuru wa BBC Barbara Plett Usher ari i Houston mu ntara ya Texas, yavuze ko vyitezwe ko inama nshingamateka ifata ingingo vyihuta kuvyo isabwa vy'iyo mfashanyo igihe izohura mu ndwi iza.










