Amajambo y'uyu mupolisi ntiyavuzweko rumwe

Insiguro ya video, Amajambo y'umupolisi yatangaje benshi
Yatangajwe

Mu 2016 abantu barenga 233 b'abirabure barishwe barashwe n'igipolisi (ugereranije n'abazungu 465), nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Washington Post.

Ibi bisobanura ko ivyago vyo kwicwa n'abapolisi ku birabure ari nk'incuro zitatu ugereranije n'abazungu.

Ico gitigiri kirimwo abishwe badafise ibigwanisho muri abo birabure, aho benshi barashwe bakekwa ko bakoze amakosa yo gutwara imodokari n'ibindi vyaha bito bito.

Muri abo harimwo Philando Castile yishwe arashwe ari kumwe n'umugore mu mdokari hamwe n'umwana.