Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mushiki wa Odinga aragirizwa imigumuko muri Kenya
Umushikirizamanza mukuru muri Kenya avuga ko mushiki w'umukuru w'urunani rutavuga rumwe na reta Raila Odinga yagirizwa imigumuko, inyuma y'ibitero vyagizwe ku bakozi b'akanama kajejwe gutegura amatora.
Ruth Odinga, yahora ari icegera c'umukuru w'intara ya Kisumu, yagirizwa ico caha ari kumwe n'umukenguzamateka Fred Outa.
Mu ndwi iheze, abari mu myiyerekano baraburijemwo ibikorwa vyinshi vyari vyateguwe n'akanama kajejwe gutegura amatora, muri iyo ntara ya Kisumu yiganjemwo abayoboke ba Raila Odinga.
Vyari vyitezwe ko Odinga yitoza mu matora agira kabiri ya prezida ahanganye na Uhuru Kenyatta ku musi wa kane, ariko yarayivanyemwo mu ntango z'uku kwezi, avuga ko ayo matora ashobora kutaba mu muco kandi ata ho yegamiye.
Imyiteguro y'ayo matora irabandanya.