Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Onu isaba Arabie Seoudite guhagarika ikumira rya Yemeni
Umuryango mpuzamakungu Onu usaba urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabie Séoudite guhagarika ikumira ryashizwe ku gihugu ca Yemeni coshobora kugikwegera mu kaga.
Onu ivuga ko ingingo yo kwugarira Yemeni inzira zo mu kirere, izo ku butaka n'izo mu mazi, vyatumye imfashanyo zidashobora gushika muri ico gihugu catabaguwe n'ingwano.
Umuvugizi (Jens Laerke) yavuze kw'ivyo vyatumye abantu imiliyoni indwi bo muri Yemeni bagira ubuzima bumeze nk'ubwo mu gihe c'amapfa.
Urwo runani rurongowe na Arabie Séoudite rwamenyesheje ku munsi wa mbere ko rwugaye imbibe zose zo muri Yemeni inyuma y'igitero ca "missile" cagabwe kuri Riyadh n'umugwi w'inyeshamba z'aba Houthi.
Arabie Séoudite irashigikiye leta ya Yemeni mu ngwano irimwo ihangana n'inyeshamba.