Libani ivuga ko Hariri asa n'uwabujijwe kuva Arabie Saudite

Yatangajwe

Umukuru w'igihugu ca Libani, Michel Aoun, yasavye Arabie Saudite gusigura igituma umushikiranganji wa mbere, Saad Hariri, asa n'uwabujijwe gutahuka.

Bwana Hariri yatanze imihoho mu ndwi iheze nk'umushikiranganji wa mbere wa Libani, mu rwandiko yasomeye muri Arabie Saudite.

Umugwi w'abarwanyi wo muri Libani, Hezbollah, hamwe na Irani ishigikiye uwo mugwi, bavuga ko Arabie Saudite ipfungiye bwana Hariri i Riyadh nyuma yo kumutegeka gutanga imihoho.

Hagati aho umusirikare wa Libani yishwe abandi benshi barakomereka mu gitero co kubohoza umunye Saudi yanyururijwe kuwa kane mu karere ka Baalbek mu burengero.

Soma izindi nkuru zijanye n'iyi: