Igipolisi kiri mu matohoza ku kwiyahura kwa Praljak

Slobodan Praljak
Yatangajwe

Abategetsi b'Ubuholande batanguye amatohoza yo kumenya ingene umubosinia w'umukroate yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara yashoboye kwinjiza uburozi bwo kwiyahura muri sentare mu rubanza rw'iyungururizo rwariko rurerekanwa ikibiriraho ku mboneshakure.

Slobodan Praljak w'imyaka 72 yapfiriye mu bitaro ku wa gatatu inyuma yo kunywa uburuzi inyuma yo kuvuga ko ari umwere.

Sentare yari ihejej kwemeza igipfungo c'imyaka 20 kubera ivyaha yagirizwa vyo mu ntambara.

Bamwe mu babosinia b'abakrowate bagize igiteramo co kwibuka umugabo bafata nk'incungu.

Bosnian Croats pray and light candles for Slobodan Praljak in Mostar, 29 November
Insiguro y'isanamu, Abantu amajana n'amajana bakoraniye i Mostar bagandariye Slobodan Praljak yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara

Umushikirangani wa mbere wa Croatie, Andrej Plenkovic yanebaguye bikomeye sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho igihugu ca Yougoslavia yari yamuciriye urubanza.

Ugusubira kwemeza igihano ca Praljak hamwe n'abandi bantu batanu kurangije imyaka irenga 20 y'ibikorwa vy'iyo sentare.

An ambulance outside the Hague tribunal, 29 November
Insiguro y'isanamu, Rusehabaniha yarabonetse imbere ya sentare ICC ku musi wa gatatu