Ebola yasubiye kuvugwa mu gihugu ca Liberia

Ahavuye isanamu, EPA
Yatangajwe
Abajejwe amagara muri Liberia bavuga ko habonetse umuntu agira kabiri yanduye ebola nyuma y'amezi bitangajwe ko yaheze muri ico gihugu.
Umuhungu w'umugore yahitanywe na ebola mu ntango z'ino ndwi, ariko aravugwa ebola mu kigo c'amagara kiri ku murwa mukuru Monrovia.
Abajejwe intwaro bariko baratohoza ukuntu uwo mugore hamwe n'abana biwe batatu bashitse muri Libera bavuye muri Guinea.
Liberia yarugaye imbibe igihe gito nyuma y'aho bimenyekaniye ko hari abanduye muri Guinea.
Ishirahamwe rijejwe amagar kw'isi, OMS, rivuga ko ryizera neza ko abo banduye atawundi bazokwanduza.






