ICC ku ntambwe ya mbere y'itohoza ku Burundi

Ahavuye isanamu, AFP
Yatangajwe
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye, ICC, yatanguye intambwe ya mbere y'itohoza ku bwicanyi bwabaye mu Burundi kuva Prezida Nkurunziza atangaje kwitoza.
Umushinjacaha mukuru wa ICC, Fatou Benshida, yavuze ko havuzwe amakuru y'ubwicanyi, kubura kw'abantu, kuboreza igufa hamwe no gusambanya ku nguvu.
Mu gitero giheruka abantu bitwaje inkoho barasha intwazangabo mu gisirikare hamwe n'umugore wiwe igihe bari batwaye umwana kw'ishure ku murwa mukuru Bujumbura.
Amajana y'abantu barishwe mu mvururu za politike kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze.






