Imyaka 30 iraheze impanuka ya Chernobyl ibaye

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri Ukraine bari mu mihango yo kwibuka imyaka mirongo itatu iheze habaye impanuka ya Chernobyl, ya mbere mbi mu mateka y'inguvu za nucleaire.
Gushonga kwabaye mu rugomero rw'umuyagankuba rukoresha inguvu za nucleaire mu kwezi kwa kane 1986, kwatumye urusenge rusambuka.
Ivyuka vy'ubumara bukomeye vyaciye bisohoka, birenga urubibe rwa Ukraine gushika muri Belarus no hakurya mu bice vyinshi vy'uburaruko bw'Uburaya.
Imiryango y'abahitanywe n'iyo mpanuka bakije urumuri mu masengero menshi muri ico gihugu.
Abakozi bo kuri urwo rugomero hamwe n'abazimya umuriro mirongo itatu n'umwe bahasize ubuzima; abandi bantu ibihumbi bahitanwa n'indwara batewe n'imishwarara mu mezi hamwe n'imyaka yakurikiye.
Igitigiri c'abahasize ubuzima bose uko bangana gushika ubu nticumvikanwako.
Impinga iracari ndende
Imyaka mirongo itatu nyuma y'impanuka y'i Chernobyl iraheze, ariko umukuru w'igihugu, Petro Poroshenko, yavuze ko igihugu ciwe kikiri kure cane mu kurengera ingaruka z'ayo mahano.
Ivyo yabivugiye kuri urwo rugomero, rukiri mu karere kanini kabujijwe.










