Kenya igiye guhagarika kwakira impunzi kubera umutekano

Ahavuye isanamu, AFP
Yatangajwe
Leta ya Kenya yatangaje ko yugaye igisata cayo kijejwe impunzi nk'intambwe ya mbere mu mugambi wo kwugara inkambi zibiri za mbere nini z'impunzi muri ico gihugu.
Leta ivuga ko kubera impamvu z'umutekano, gucumbikira impunzi bigomba guhagarara.
Kenya ifise impunzi zishika ibihumbi amajana atandatu, nyinshi zavuye muri Somalia.
Mu 2013 habonetse umwumvikano ugambije guhimiriza Abanyesomalia gutahuka.
Ibihumbi bikeyi gusa nibo batashe.
Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab uragaba kenshi ibitero muri Kenya.






