Uwitwaje inkota yahitanye umuntu ku gituro ca Grafing

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuntu yishwe abandi batatu barakomeretswa n'umuntu yitwaje inkota yadutse mu buseruko bw'umuji wa Munich mu Budage.
Igipolisi kiriko kirihweza nimba ico gitero coba gifitanye isano n'imirwi yitwaza idini rya Isilamu.
Uwagavye ico gitero yadutse mu bantu mu masaha ya kare cane nk'isaha icumi n'imwe z'agatondo, ku gituro ca Grafing.
Mu bakomeretse harimwo uwubabaye cane.
Igipolisi cashoboye gufata uwateye, hari n'umuntu yatawe muri yompi.
Bamwe mu babibonye bavuga ko nyene gutera yadutse avuga ngo "Allahu akbar" ("Imana ni nkuru" mu carabu) ariko icamutumye gutera ntikiramenyekana

Iradiyo ya Bavaria yatangaje ko umushikirizamanza wa Munich yategetse ko ata na kimwe gitangazwa kuri ico gitero, kandi amakuru aturuka ahabereye ico gitero aratandukanye
Umukruu w'igisagara ca Grafing, Angelika Obermayr, yavuze ko uwukekwa ko yagavye ico gitero afise ubwenegihugu bw'Ubudagi.
Igituro ca Grafing cazungurutswe n'abapolisi, nayo abariko bafata ingendo bacerewe.










