Igihugu ca Erythree cahimbaje imyaka 25 iheze cikukiye inyuma y'intambara n'igihugu ca Ethiopia

Yatangajwe

Iyi ndwi ihuriranye n'imyaka 25 igihugu ca Erythrée kironse ubwigenge ciyonkoye kuri Ethiopia, mu ntambara yamaze imyaka irenga mirongo ibiri. Amashirahamwe aharanira aharanira agateka ka zina muntu aranebagura inyifato y'ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika kubera ata Demokrasi iharangwa, ukwishira n'ukwizana kw'ibimenyeshamakuru hamwena politike yo kubuza abantu kwishira no kwizana. Ariko reta ya Erythree yateguye ibirori vy'igitangaza.

Asmra
Insiguro y'isanamu, Ibimodoka bitamenwa vyaguye indese n'izindi za gisirikare Erythree yatse Ethiopia mu ntambara
Asmra
Insiguro y'isanamu, Abapfasoni ibihumbi n'ibihumbi bajana ku rugamba n'abagabo
Asmra
Insiguro y'isanamu, Abapfasoni ku rugamba mu Erythree
Asmra
Insiguro y'isanamu, Inyubakwa zose zirashajije
Asmra
Insiguro y'isanamu, Isutiye ibaririjwe intoke
Asmra
Insiguro y'isanamu, Imwe mu nzira bakoresha mu kwica inda, kwari ugushira impuzu musi y'utubuye
Asmra
Insiguro y'isanamu, Ibirato bikozwe mw'ikarato n'imigozi y'iserumu
Asmra
Insiguro y'isanamu, Amafoto y'abamaratiri 267 bishwe mu misi itanu mu gitero ca nyuma c'i Asmara
Asmra
Insiguro y'isanamu, Asmara hari isoko risubiramwo ivyuma bishaje rigakoramwo ibintu vya nkenerwa
Asmra
Insiguro y'isanamu, Umusore ahagaze ku muryango wvuye muri ivyo vyuma
Asmra
Insiguro y'isanamu, Amabarabara yashizweko amatara adasanzwe
Asmra
Insiguro y'isanamu, Inyubakwa n'imodoka vyo muri Erythree ni ivyakera cane
Asmra
Insiguro y'isanamu, Abantu baje kwigina ivyo birori
Asmra
Insiguro y'isanamu, Onu ivuga ko abakiri bato 5,000 ari bo bahunga Erythree buri kwezi
Asmra
Insiguro y'isanamu, Erythree ni co gihugu ca mbere muri afrika abantu baco bahungira i Buraya