Ishirahamwe rya Qiaobi ryasavye imbabazi

Ahavuye isanamu, QIAOBI
Yatangajwe
Ishirahamwe rya Qiaobi rigira amatangazo y'isabuni mu Bushinwa ryanebaguwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi kubera amatangazo yaryo y'amacakubiri, ryasavye imbabazi.
Iryo shirahamwe rya Qiaobi, rikora amasabuni y'ifu, rivuga ko riterekwa amacakubiri ayo ari yo yose.
Mu nyishu ryayo mu misi iheze, iryo shitahamwe ryavuze ko, ritigeze ryiyumvira ikibazo c'amacakubiri, kandi ko abarinebaguye bo mu bindi bihugu bidogera ubusa.

Ahavuye isanamu, QIAOBI
Ayo matangazo y'ubudandaji yerekanye umuntu yirabura yinjira mu mashini yo kumesura impuzu imbere yo kuvayo yera, co kimwe n'ababa ku mugabane wa Asia.






