Impunzi z'Abanyekongo mu nkino Olympique muri Bresil

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Urwego mpuzamakungu rujejwe inkino Olympique, IOC, rwashizeko umugwi w'abanonotsi cumi b'impunzi, bazohiganwa mu nkino z'i Rio De Janeiro mu kwa munani.
IOC ruvuga ko rwashizeko uwo mugwi, ukaba ari uwa mbere nk'uwo ushinzwe, kugira rutange ubutumwa bw'icizere ku mpunzi zose ziri kw'isi.
Batanu bava muri Sudani y'epfo, babiri muri Syria, babiri muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo n'umwe wo muri Ethiopia.
Bamwe bazohiganwa mu kwoga, abandi muri judo hanyuma benshi muri bo bahiganwe mu gusiganwa n'amaguru.
Uwo mugwi uzotambukana ibendera rya Olympique, nihagira uwutahukana umudari muri abo banonotsi, indirimbo yubahiriza inkino Olympique niyo izovuzwa mu biraro vyo gutanga umudari.






