Ingabo za Libya zambuye umuji wa Sirte umurwi IS.

Ahavuye isanamu, AFP
Yatangajwe
Ingabo za Libya ziyoboka leta y'i Tripoli zemeza ko zisubije umuji wa Sirte uri ku nkengera z'amazi ziwukuye mu minwe y'abarwanyi b'umurwi Islamic State -IS.
Intambara zabohoje Sirte zatanguye kuva mu kwezi guheze.
Sirte cari nk'icicaro ca mbere gikomeye cari mu minwe ya IS, hanze ya Iraq na Syria.
Ingabo zirwanira leta ishigikiwe n'ishirahamwe mpuzakungu ONU, zigizwe ahanini n'abarwanyi baturuka mu muji wa Masrata mu burengero bwa Libya.
Umuvugizi w'izo ngabo, General Muhammad al-Ghusri, yavuze ko abayobozi bakuru ba IS bahungiye mu bugararwa mu bumanuko bw'igihugu, ariko ngw'abarwanyi babo benshi bafatiranywe aho muri Sirte aho intambara zikibandanya.






