Igitero cahitanye umupolisi n'ico "Iterabwoba"

Ahavuye isanamu, LAROSSI ABBALLA - FACEBOOK
Yatangajwe
Umukuru w'igihugu c'ubufaransa yavuze ko ubwicanyi bwahitanye umupolisi wo mu rwego rwo hejuru n'umugenzi wiwe, ata gukeka ko ari igikorwa c'iterabwoba.
Uwo mupilisi yacumiswe n'umugabo umwe, ahagaze imbere y'inzu yiwe mu micungararo y'igisagara ca Paris, aca yiyugaranira mu nzu.
Igihe abapolisi karuhariwe babomora iyo nzu, basanzeyo ikiziga c'uwo babana n'uwo mupolisi hamwe n'ico uwo mwicanyi.
Ibinyamakuru vyo mu Bufaransa bivuga ko yari umusore w'imyaka 25 yitwa Larossi Abballa, yigeze guhanirwa kuba afitaniye ubucuti n'umugwi w'iterabwoba.






