Ingabo za Irak zabohoje inyubakwa z'igisagara ca Fallujah

Ahavuye isanamu, Reuters
Ingabo za reta ya Irak zakuye mu minwe ya IS inyubakwa zikomeye za reta mu gisagara ca Fallujah, nk'uko bimenyeshwa n'umwe mu basirikare bakuru.
Lt Gen Abdul Wahhab al-Saadi yabwiye BBC ko abasirikare karuhariwe mu kurwanya iterabwoba hamwe n'abajejwe gutabara vyihuta babohoje inyubakwa za za reta muri ico gisagara.
Vyari vyamenyekanye ko habohojwe uturere twinshi mu bumanuko no mu buseruko bwa Fallujah.
Igisagara ca Fallujah kiri ku birometero 50 gusa mu burengero bw'igisagara ca Baghdad, cari mu minwe ya IS igihe kinini gusumba ibindi bisagara vyose bigaruriye haba muri Irak canke muri Syria.
Uwo mugwi w'iterabwoba wari urongoye ico gisagara kuva mu kwezi kwa mbere mu 2014, amezi atandatu imbere y'uko ugenzura igice kinini co mu buraruko no mu burengero bwa Irak.

Ahavuye isanamu, AFP
Ingabo za reta zatanguye ibitero vyo kubohoza Fallujah haraheze nk'indwi zine, inyuma y'aho IS yigaruriye ico gisagara n'imicungararo yaco haraheze amezi menshi.
Ku musi wa gatanu, igipolisi cadugije ibendera ku nyubakwa z'ico gisagara, nk'uko itangazo rya gisirikare ryabimenyesheje kuri television y'igihugu.






