Abazize Nyamugigima mu Butaliano bongerekanye

Ahavuye isanamu, AP
Igitigiri c’abantu bahitanywe na canyamugigima mu gihugu hagati mu Butaliano hakiri kare mu gatondo ko ku wa gatatu gishitse ku 247, mu gihe hakironderwa ababuriwe irengero.
Abajejwe gutabara barabandanya igikorwa co kurondera abacitse kw’icumu n’ibiziga bikiri musi y’ibihome.
Ico canyamugigima gifise inguvu za 6.2 ku bipimo vya Richter carononye cane ibisagara vya Amatrice, Accumoli na Pescara del Tronto, aho abantu benshi bitavye Imana.

Ahavuye isanamu, REUTERS
Abajejwe bikorwa vyo gutabara babandanije bakora no mw’ijoro, ariko harageze igihe bagira ibibazo kubera ikindi canyamugigima cajugumije izindi nzu zari zigihagaze.
Akarere kabereyemwo ico ca nyamugigima kari mu misozi mu ntara ya Umbria, Lazio na Marche.

Ahavuye isanamu, REUTERS
Ahaturuka ico canyamugigima ni hagufi na Norcia, ku birometero 170 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Roma.
Hubatswe amahema yo gufasha abantu batakigira aho bakika umusaya.






