Prezida wa Korea y'epfo Park Geun-hye ntiyorohewe

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Igitsure ca politike ku mukuru w'igihugu wa Korea y'epfo, Park Geun-hye, kibandanije gukara mu gihe isinzi ry'abantu bari mw'ibarabara bamusaba gukinjura.
Abateguye iyo myiyerekano bavuga ko abantu bashika hafi umuriyoni bitavye iyo myiyerekano y'amahoro, ariko igipolisi kivuga ko ari benshi gusumvya abo.
Ni imyiyerekano igira gatatu mu ndwi zitatu nyene, abantu nabo akaba ari ko bagiye bariyongero.
Abiyerekana bashavujwe n'imigenderanire y'umukuru w'igihugu hamwe n'uwumeze nk'umwigisha wiwe batizera, Choi Soon-sil.
Madamu Choi, asanzwe apfunzwe, akaba yagirizwa kuba akoresha umukuru w'igihugu uko yishakiye.






