Uburaya bushaka gukaza igikorwa co kwirindira umutekano

Ahavuye isanamu, EPA
Yatangajwe
Ibihugu bigize ishirahamwe rya Buraya vyumvikanye ku mugambi wo kwongera uruhara rwavyo mu kwivuna umwansi no kwirindira umutekano.
Aho yavuga nyuma y'inama y'abashikiranganji bajejwe kwivuna abansi bo mu bihugu bigize iryo shirahamwe, uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe rya Buraya, Federica Mogherini, yashimangiye ko intumbero atari guhiganwa na OTAN.
Yavuze ko ishirahamwe rya Buraya rishaka gukomeza ugukorana na OTAN, ishirahamwe ry'abivunira umwanshi hamwe.
Yavuze ko uwo mugambi uterekeye ishingwa ry'igisirikare ca Buraya canke ibiro bikuru vy'igisirikare, ngo kandi watanguye kwiyumvirwa imbere y'uko Donald Trump atsinda amatora yo muri Amerika.






