Ibihomoka vyishe abantu 67 mu bu China

Ahavuye isanamu, XINHUA
Niburiburi abantu 67 bapfuye inyuma yaho igice c'inyubakwa kigwiriye mu ntara ya Jiangxi mu bu China.
Iyo mpanuka yabereye mu kibanza bavyazamwo umuyagankuba ahitwa Fengcheng, ahariko harubakwa umunara.
Gushik'ubu hari umuntu akibuze, nkuko bivugwa n'ikigo c'itangazamakuru c'igihugu. Igisata kijejwe gutabara mu mpanuka z'umuriro co mu ntara ya Jiangxi kivuga ko hagomowe ibizimyamwoto 32 hamwe n'abasirikare 212.
Abantu benshi bakomeretse. Impanuka zitewe n'ibikorwa vy'iterambere ni nyinshi mu gihugu c'ubu China aho gisabwa gufata ingingo zibereye zo kwirinda izo mpanuka.

Ahavuye isanamu, XINHUA
Amafoto yashizwe ahabona n'ikinyamakuru co mu bu China cerekana imiringoti n'ivyuma biryamye hasi ahubatswe uwo munara.
Amakuru ava "Jiangxi Daily", iminara ibiri y'imetero 168 umwumwe yariko irubakwa kuri ico kibanza mu mugambi wo kwongera megawatt 1,000 kuri iryo soko ry'umuyagankuba.
Uwo mugambi uzotwara imiliyardi 7.67 yuan (imiliyardi $1.11; imiliyardi £0.89)






