Wole Soyinka: 'Nahevye Ubunyamerika'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yatangajwe
Wole Soyinka, umunyafrika yabaye uwa mbere yahawe agashimwe kitiriwe Nobel nk'umwanditsi, yari yavuze ko Donald Trump atsinze amatora, azoca atabura ikarata imuha uburenganzira bwo kuba muri Amerika, none yemeza ko yabikoze.
Wole Soyinka yavuga ko gutsinda kwa Trump kwomutuma aheba 'kwitwa uwuba muri Amerika' kubera atemera ivyiyumviro vy'uyu mugwizatunga vyo gukumira abimukira.
Uyu mwanditsi yabwiye iyandikiro ry'amakuru ry'Abafaransa AFP, ko 'yashize mu ngiro ivyo yari yavuze ko azokora'.
Yavuze ko yamaze kuja kwibera mu gihugu c'amavukiro ca Nigeria.
Abanyabwenge n'abahinga benshi bari bavuze ko bazoca bava muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump atsinze.






