Abantu imiliyoni 1.2 mu birori bihimbaza umusi w'amavuka i Mexico

Ahavuye isanamu, Facebook
Abantu barenga imiliyoni baritaba ibirori vyo kwigina umusi w'amavuka w'umukobwa umwe i Mexico inyuma y'aho ubutumire bwatanzwe na se wiwe bukwirakwirijwe ku mbuga ngurukanabumenyi.
Igipolisi kirarungikwa muri ico kigwati kivukamwo uwo mwigeme gucungera abo bantu.
Kuri video yo gutumira abantu, se wiwe yavuga "umuntu wese aratumiwe" kuri uwo musi mukuru uzoba urimwo umuziki, ibifungurwa n'isiganwa ry'ifarasi.
Yashize iyo video kuri Facebook aho umuntu wese ashobora kuyibona.
Avuga ko intumbero yiwe yari iyo gutumira ababanyi n'abagenzi gusa, ariko avuga ko abaza kuza bose atabirukana.
Iyo video yerekana Crescencio Ibarra ahagararanye n'umukobwa wiwe Rubi, yambaye urugori mu mutwe hamwe n'umupfasoni wiwe Anaelda Garcia.
"Urakomeye? Umeze gute? Turagutumiye kw'itariki 26 ukwezi kwa cumi na kabiri mu musi mukuru wo kwibuka imyaka 15 irangiye umukobwa wacu amaze avutse, Rubi Ibarra Garcia," Ibarra n'uko yavuze mu gihe umwigeme wiwe yariko aramwenyura.
Mu nyuma, aravuga imigwi y'imiziki itatu izovuza kandi ko uwuzotsinda mw'isiganwa ry'ifarasi azohabwa amadolali 490.

Ahavuye isanamu, Twitter
Aheraheza avuga "umuntu wese aratumiwe, n'akanyamuneza kenshi".
Umusi mukuru wo kwibuka imyaka 15 y'amavuka urahambaye cane i Mexico, kuko ufatwa nk'uko umukobwa yakuze.
Umwigeme arasharizwa nka "umumalayika w'uwo musi".
Ntibiramenyekana impamvu iyo video yakwiragijwe incuro zirenga 800.000 ku mbuga ngurukanabumenyi, gushika n'abantu batangure kuza baracokozanya kuri izo mbuga.
San Luis Potosi

Ahavuye isanamu, Twitter

Ahavuye isanamu, El Show de Piolin










