Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
AU ivuga ko ivyatangajwe na Jammeh ata gaciro bifise
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Africa rivuga ko ivyatanjwe n'umukuru w'igihugu ca Gambia yuko atemera ivyavuye mu matora, ata gaciro bifise.
Bwana Jammeh yabanje kwemera ko yatsinzwe anemeza ko azoshigikira uwamutsinze Adama Barrow.
AU yahamagariye bwana Jammeh kworosha ihererekana ry'ubutegetsi, inahamagarira igisirikare kuguma hagati.
Hari abasirikare benshi ku murwa mukuru wa Gambia, Banjul, bakaba bariko barashira ibizibira amasasu ku bibanza bikomeye vya leta.
Bwana Barrow yavuze ko bwana Jammeh yononye demokrasi mu kwanka kwemera ivyavuye mu matora.