Syria: Ibiganiro vy'amahoro

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Lavrov ntiyamenyesheje imirwi iri muri ivyo biganiro canke iyo bibera ariko umurwi ukomeye mu yitavuga rumwe na reta wavuze ko utaramenya ayo makuru.
Umwe mu ndongozi za High Negotiations Committee, umurwi ugizwe n'imirwi myinshi y'abagwanya Prezida Assad, yavuze ko uwo murwi ata na kimwe uzi ku vyoba biriko biraba.
Moscou iriko irakora ibishoboka vyose ngo ibiganiro bibere mu gihugu ca Kazakhstani mu gihe umuryango mpuzamakungu Onu wifuza kugarura imirwi mu biganiro mu gisagara ca Genève.






