Abagwanyi bemeye ibiganiro vyo guhagarika ingwano muri Syria

Yatangajwe
Umugwi umwe w'abagwanyi muri Syria uvuga ko uzobonana n'abategetsi b'Uburusiya na Turkia kugira bavugane ivyerekeye guhagarika intambara muri ico gihugu.
Uwo mugwi wa Ahrar al-Sham uvuga ko umaze kugiriranira ibiganiro na Turkia ariko ko batarashika ku masezerano kubera akarere gafise akamaro kanini kegereye igisagara ca Damas kategwa n'ivyo biganiro.
Ejo haheze, umushikiranganji w'imigenderanire ya Turkia, Mevlut Cavusoplu yavuze ko igihugu ciwe cumvikanye n'Uburusiya co kimwe na Iran gushira hamwe mu ntumbero yo kurondera amahoro arama muri Syria.






