Uburusiya na Turkiya vyumvikanye ku bitero vy'indege

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Uburusiya na Turkiya vyumvikanye ku kuntu bizoja birabangikanya ibitero vy'indege muri Syria kugira ntihabe ugukozanyako mu kwihenda.
Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko bumvikanye kandi ku kuntu hokwirindwa amasanganya ku ndege zikorera mu kirere ca Syria.
Ivyo bihugu vyombi vyashitse ku mwumvikano mu kwezi guheze wo guhagarika imirwano hagati ya leta ya Syria n'imigwi y'abayirwanya.
Intumwa y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Staffan di Mistura, yavuze ko iryo hagarikwa ry'imirwano ahanini rikurikizwa, ariko yongerako yuko ritorohereje ONU gushikana imfashanyo aho ikenewe cane.






