Mu mafoto: Afrika iyi ndwi yo kuva 7-12, mu kwa mbere 2017

Yatangajwe

Amafoto meza cane yegeranijwe muri Afrika muri iyi ndwi

Ku wa gatandatu itariki 7 z'ukwezi kwa mbere, uyu mwana yerekanye urukundo afitiye prezida mushasha wo muri Ghana, Nana Akufo-Adoo igihe yariko arashikirizwa ubutegetsi mu gisagara ca Accra.
Insiguro y'isanamu, Ku wa gatandatu itariki 7 z'ukwezi kwa mbere, uyu mwana yerekanye urukundo afitiye prezida mushasha wo muri Ghana, Nana Akufo-Adoo igihe yariko arashikirizwa ubutegetsi mu gisagara ca Accra.
Umutamvyi w'ingoma
Insiguro y'isanamu, Uwo musi nyene, umuvuzi w'ingoma ariko aratamba...
Nana Akufo-Addo
Insiguro y'isanamu, Aba bagabo na bo bariko baravuza inzamba
Bouake, Ivory Coast
Insiguro y'isanamu, Mu gihugu kibanyi ca Cote d'Ivoire abasirikare baragumutse bihereza amabarabara y'igisagara ca Bouake, igisagara kigira kabiri muri ico gihugu basaba uturusho...
Bouake
Insiguro y'isanamu, Inkuru za yegereyegere yabo zateye ingorane mu ruja n'uruza. Imodoka vyaranse ko zinjira i Bouake bituma ingenzi zibura ayo zicira n'ayo zimira
#BringBackOurGirls
Insiguro y'isanamu, Ku wa mungu, abapfasoni bahurikiye muri kampanye ya #BringBackOur Girls baragize imyiyerekana i Abuja muri Nigeria mu kwibuka imisi 1000 irangiye abigeme bo kw'ishure ya Chibok banyurujwe...
#BringBackOurGirls
Insiguro y'isanamu, Abo bari mu myiyerekano ariko barashwiragijwe n'igipolisi
Umuzamu acunze ibimodoka bizokoreshwa na gariyamoshi zigezweho zatangujwe ku mugaragaro mu gisagara ca Mombasa muri Kenya ku musi wa gatatu
Insiguro y'isanamu, Umuzamu acunze ibimodoka bizokoreshwa na gariyamoshi zigezweho zatangujwe ku mugaragaro mu gisagara ca Mombasa muri Kenya ku musi wa gatatu
Juba
Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatatu kandi aba bakinyi ba Basketball bagendana ubumuga baragize imyimenyerezo mu gisagara ca Juba
Tunisia
Insiguro y'isanamu, Mu gihe muri Tunisiaabasore bariko baratera amabuye ku kirindiro c'abapolisi hagufi y'urubibe bihana na Libya binubura kubuzwa urudandaza aho ku rubibe.
Emmanuel Niyonkuru
Insiguro y'isanamu, Ku musi wa kabiri, umukobwa w'umushikiranganji w'ibidukikije mu Burundi, Emmanuel Niyonkuru, yishwe n'abantu bitwaje inkoho, ariko arahezagira ikiziga ciwe ku musi w'amaziko i Bujumbura
Algeria
Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatatu, umupolisi wo muri Algeria yararavye ingene umwigeme, umuryango wiwe utagira aho ukika umusaya, 'anywa isupi y'igihe c'imbeho'. Ku gushaka kwaco, igipolisi kiriko kiraha isupu abantu batagira aho baba muri Algeria muri iki gihe hari imbeho nyinshi
Kaduna
Insiguro y'isanamu, Ku musi wa mbere, abana bahunze intambara mu bumanuko bwa Kaduna, muri Nigeria bahagaze iruhande y'inzu basavyemwo ubuhungiro

Ifoto zafashwe na AFP, EPA, Reuters