Abanyamerika basabwe kuja kure y'umupaka wa Gambia

Ahavuye isanamu, AFP
Yatangajwe
Ibiro vy'uwuserukira Amerika mu gihugu ca Senegal casavye abenegihugu kutarenga ibirometero 80, kuja kure y'umupaka no kwirinda ibirindiro vya gisirikare.
Mu itangazo ivyo biro vyasohoye bivuga biti: "bitewe n'umutekano muke mu karere, abakozi bo mu buserukizi bwa Amerika basabwe kwirinda kurenga miles 50 (kms 80) muri Senegal, umupaka wa Gambia kandi bahanuwe kwirinda ibirindiro vya gisirikare no kuja mu miduga itwara abantu benshi. Bino bibujijwe bisabwa gukurikizwa gushika itariki 26, ukwezi kwa mbere, 2017. Uburyo bwuko ibiro vy'uwuserukira Amerika vyofasha aboba muri ivyo bibanza ni buke." uko niko itangazo rivuga.
Iryo tangazo ryarungitswe no ku buryo bwa Twitter.

Ahavuye isanamu, Twitter






