Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuzima bwagarutse mu gisagara ca Banjul
Abanye Gambia basubiye mu mabarabara mu gisagara ca Banjul, bakaba bariko baritegura gusanganira umukuru w'igihugu bitoreye yimirije kugaruka, Adama Barrow.
Uwo yasubiriye, Yahya Jammeh, yavuye mu gihugu kare ku munsi wa Mungu aja mu gihugu ca Guinée équatoriale.
Mu masezerano yumvikanyweko n'abategetsi b'akarere ka Afrika y'uburengero, ararekuriwe kugaruka muri Gambia muri kazoza.
Inama nshingamateka yagerageje kuraba ko yohitisha itegeko rituma yogirigwa ikigongwe ku vyo yoba yarakoze ariko igitigiri c'abashingamateka bategerezwa kuba bari muri ivyo bikorwa nticakwira.
Benshi barahunze baja mu ntara bavukamwo abandi mu gihugu kibanyi ca Sénégal.
Muri kino gihe ingabo za ECOWAS nizo zicungera umutekano zirindiriye ko Prezida Barrow agaruka kandi zicunze ngo ntihagire abohogwa ko bashigikiye Bwana Jammeh.