Benghazi yirukanywemwo abagwanyi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yatangajwe
Muri Libya abagwanyi batakaje akarere ka nyuma bari barigaruriye mu gisagara kigira kabiri muri ico gihugu ca Benghazi.
Abagwanyi barongowe n'umukuru wa gisirikare, Khalifa Hefter bavuze ko abo bagwanyi ba kiislam mu ntara ya Ganfouda.
Ako karere kari kazungurutswe n'igisirikare haraheze amezi mesnhi kandi yarabereyemwo intambara zikomeye cane mu gushaka kwigarurira Benghazi.
Bamwe mu bagwanyi ba kiislam bafitaniye ubucuti n'umuhari wa Al Qaeda.
Hefter ni we yayoboye urugamba rwo kubagwanya, n'aho igisirikare ciwe citemewe na reta ya Libya ifashwe mu mugongo n'amakungu.






