Sentare ya Kenya yimye isoko sosiyete y'i Dubai yokoze amakarata y'amatora

Ahavuye isanamu, AFP
Sentare ya Kenya yategetse umugwi ukurikirana ivy'amatora Independent electoral and Boundaries commission (IEBC) gutangaza gusha ivy'iryo soko ry'amakarata y'amatora ryari ryahawe sosiyete y'i Dubai.
IEBC yari yahaye iryo soko sosiyete Al Ghurair, ariko imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi irabigwanya.
Iyo migambwe yashingishije urubanza muri sentare ivuga ko abarongoye iyo sosiyete bafitaniye imigenderanire n'abo bahiganwa mu matora.
Abacamanza batatu bashashe muri urwo mrubanza bashize amakosa kuri IEBC, bavuga ko itagishije inama abakandida bose bazohiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanywa itariki 8 z'ukwezi kw'umunani.
Isosiyete Al Ghurair yari yemerewe imiliyoni 25 z'amadolari kuri ako kazi.
Mu gihe iryo soko rihagaritswe hagiye kurondegwa abandi bakora ayo makarata y'amatora, hari amakenga ko bishobora gucereza amatora.






