Onu iridogera Aung San Suu Kyi

Aba Rohingya bahunze bajabuka muri Bangladesh
Insiguro y'isanamu, Aba Rohingya bahunze bajabuka muri Bangladesh
Yatangajwe

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ryidogeye indongozi y'igihugu ca Myanmar, Aung San Suu Ky, mu kuba atashoboye gukingira inkehwa z'aba Islamu zo mu bwoko bw'aba Rohingya.

Umuvugizi wa Onu ku vy'agateka ka zina muntu i Myanmar, Yanghee Lee, yavuze ko bigoye kwemera ibivugwa n'igisirikare ca Burma, ko aba Rohingyas bituririyeko amazu.

Hagataho uwugwanira agateka kajanye n'ivy'indero, Malala Yousafzai, yarungitse ubutumwa kuri Twitter ko akirindiriye ko mugenzi we Aung San Suu Kyi, nawe nyene yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel, kwiyamiriza ubwicanyi buri Myanmar.

Avuga ko ingene aba Rohingyas bafatwa "biteye ubwoba n'isoni".

(Onu ivuga ko aba Rohingyas 87000 aribo bamaze guhungira i Bangladesh mu minsi cumi iheze.)