Aba Rohingya benshi bahungiye muri Bangladesh

Ahavuye isanamu, Reuters
Igitigiri c'impunzi z'aba Rohingya zihunga Myanmar zija muri Bangladesh congerekanye cane, ku buryo mu masaha 24 aheze hamaze guharurwa abarenga 35.000 nk'uko bimenyeshwa na Onu.
Ubu bivugwa ko aba Rohingya barenga 123.000 ari bo bamaze guhunga ubwicanye bubera mu karere ka Rakhine kuva itariki 25 mu kwezi kw'umunani.
Iyo ntambara yasomborokejwe n'ibitero vy'abagwanyi b'aba Rohingya bagize ku bituro vy'igipolisi.
Ivyo vyakweze ukwihora kw'igisirikare kwatumye isinzi ry'abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Rohingya bahunga bata izabo.
Aba Rohingya nta gihugu bafise, benshi muri bo bakaba ari aba islam b'inkehwa baturatujwe cane i Myanmar.
Benshi mu bahunze bavuga ko igisirikare n'abo mu bwoko bw'aba Rakhine b'ababudiste baturiye amazu yabu bagira n'ibitero ku banyagihugu basanzwe mu ntumbero yo kubirukana.
Igisirikare kivuga ko kiriko kiragwana n'abagwanyi b'aba Rohingya bagira ibitero ku banyagihugu.
Ku musi wa mbere Onu yavuze ko hageze ko umutegetsi wa Myanmar, Aung San Suu Kyi agira ico akoze mu guhagarika ubwo bwicanyi, mu gihe akarere gatewe impungenge n'impunzi z'aba Rohingya.

Ahavuye isanamu, Reuters
Onu ivuga ko bitazwi igihe izo mpunzi zishasha zinjiriye muri Bangladesh, ariko ko igitigiri c'abashika bashasha bakeneye imfashanyo y'imfungurwa n'aho bakika umusaya congerekanye biteye ubwoba.
Amakambi abiri manini ya Onu ubu aruzuye, ubu rero abantu barara hanze canke bakwubaka utuzu ku kibuga n'impande y'amabarabara, nk'uko umupfasoni avugira Onu yabimenyesheje.










