Imyiteguro imbere y'uko igihuhusi Irma gishika

Ahavuye isanamu, Reuters
Amazinga ari mu karere ka Caraibe ariko aritegura ubwa nyuma y'igihuhusi ca Irma, gifise inguvu nyinshi cane, mu gihe abategetsi bagabisha ko gishobora kwonona ibintu vyinshi cane.

Ahavuye isanamu, EPA
Ico gihuhusi co mu rugero rwa gatanu gifise inguvu z'umuyaga ufise ubunyarutsi bw'ibirometero 295 kw'isaha.
Vyitezwe ko ico gihuhusi gishika mu mazinga ya Leeward imbere y'uko cerekeza Puerto Rico, Haiti na Florida.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu basabwe kwimuka ku nguvu mu karere ko mu bumanuko bwa Florida.
Abandi basabwe kuba bahavuye ku musi wa gatatu mu gitondo, abasanzwe bahaba na bo basabwa kwimuka bitarenze ku mugoroba kandi n'uruja n'uruza rw'indege rwahagaritswe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibibuga vy'indege vyugawe ku mazinga menshi, abari mu bibanza vyo kunezerererwamwo hamwe n'ubutegetsi, basavye abantu kuja mu bibanza bifise umutekano.
Prezida wa Amerika Donald Trump yatangaje ibihe bidasanzwe mu ntara ya Florida, Puerto Rico hamwe no mw'izinga rya Virginia, aranavuga n'ingingo zafashwe mu guhangana n'ico gihuhusi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuyaga mwinshi hamwe n'imvura y'isegenya biritezwe mu mazinga ya Leewards harimwo na Antigua, Babuda na Anguilla.










