Igihuhusi Irma cononye vyinshi mu mazinga ya Caraïbes

Police patrol the area as Hurricane Irma slams across islands in the northern Caribbean on Wednesday, in San Juan, Puerto Rico, 6 September
Insiguro y'isanamu, Igihuhusi Irma cononye vyinshi mu mazinga ya Caraïbes
Yatangajwe

Igihuhusi gikaze cane citwa Irma cononye ibintu vyinshi mu karere k'amazinga ya Caraïbes aho abantu indwi bapfuye.

Bivugwa ko mw'izinga rito rya Barbuda igihuhusi Irma cononye ibintu vyinshi ku buryo bavuga ko ata muntu yoba akihaba mu gihe abategetsi bavuga ko n'akandi gace k'abongereza ka St Martin kononekaye bikomeye.

Ibikorwa vyo gutabara bihura n'inzitizi zo gushika mu turere dutandukanye.

Flooding in Saint Martin, 6 September
Insiguro y'isanamu, Igihuhusi Irma cononye vyinshi mu mazinga ya Caraïbes

Muri ico gihe nyene, bivugwa ko haje umuyaga mwinshi cane havuyemwo ibihuhusi bibiri.

Igihuhusi Irma co mu rugero rwa gatanu, ari rwo rugero rwo hejuru cane ubu kiriko kiratema gitongora uburaruko bwa Puerto Rico.

Abantu barenga igice c'abanyagihugu baba Puerto Rico, imiliyoni zitatu, ntibagira amatara inyuma y'aho ico gihuhusi gitumye hagwa imvura nyinshi n'umuyaga mwinshi.

Abategetsi bavuga ko bishoboka ko umuyagankuba uzomara igihe kinini utaraboneka.

Igihuhusi Irma cononye vyinshi mu mazinga ya Caraïbes
Insiguro y'isanamu, Igihuhusi Irma cononye vyinshi mu mazinga ya Caraïbes

Ico gihuhusi gifise inguvu nyinshi zitari bwigere ziboneka haraciye imyaka ibinjana, cari gifise umuyaga ufise ubunyarutsi bw'ibirometero 295 kw'isaha, bikaba vyitezwe ko gica hagufi ya Republika Dominicaine uyu musi ku wa kane.

Igihuhusi Irma cabanje gutera izinga rya Antigua na Barbuda, aho bivugw ko umuntu umwe yabuze ubuzima, umushikiranganji wa mbere akaba yavuze ko amazu yababa ibice 95 yononekaye.

BBC graphic
Insiguro y'isanamu, Igihuhusi Irma cononye vyinshi mu mazinga ya Caraibe

Ariko yavuze ko abantu bose 80.000 b'i Antigua na Barbuda barokotse.

Abategetsi bemeje urupfu rw'abantuy batandatu hamwe n'ibintu vyononekaye mw'izinga ry'Ubufaransa rya St Martin na St Barthelemy.

Nta muyagankuba ukirangwa mu mazinga yose, imigwi na yo ijejwe gutabara vyihuta iriko iragerageza gukora mu turere twamerewe nabi gusumba utundi.

BBC map
Insiguro y'isanamu, Igihuhusi Irma cononye vyinshi mu mazinga ya Caraibe