Hauzwe vy'inshi kw'ifoto y'umushikiranganji wa mbere wa Astralia afise umwana n'inzoga mu ntoke

Ahavuye isanamu, Malcolm Turnbull
Abantu bo mu gihugu ca Astralia bavuganiye ari benshi umushikiranganji wa mbere Malcolm Turbull inyuma y'aho ifoto yiwe imwerekana ateruye umwuzukuru afise n'inzoga mu ntoke, ivugiweko amajambo menshi.
Turbull yerekanye iyo foto ubwiwe ateruye umwuzukuru ku kibuga kimwe c'umupira w'amaguru mu gisagara ca Sydney ku musi wa gatandatu.
Iyo foto yashizwe ku rubuga rwa Facebook.
Ariko yatumye havugwa amajambo menshi yo kumunebagura kubera yari afise inzoga mu ntoke.
"Biboneka nabi guterura umwana ufise n'inzoga mu ntoke," ni ko uwitwa Marg Walker yanditse.
Ico kibazo ateye impari inyinshi igihe catangura kuvugwako n'ibimenyeshamakuru.
Inyuma yo kumunebagura, haciye haboneka n'abamuvuganira batangura kuvuga uko babibona, bemeza ko Turnbull ata kibi yakoze.










