Ikigo SABC casavye ikigongwe Dlamini-Zuma ku kumwita ukutarikwo

Ahavuye isanamu, AFP
Yatangajwe
Ikigo c'itangazamakuru ca Afrika Yepfo SABC casavye ikigongwe umunyapolitike Nkosazana Dlamini-Zuma mu kuba camwise "umugore wa kera wa Prezida Jacob Zuma" hakumuhamagara mw'izina ryiwe.
SABC yavuze k'ubwo buryo bushira imbere igitsina kandi ko bidakwiye.
Umukenyezi Dlamini-Zuma --yikurikiranye kuba umushikiranganji munyuma arongora umuryango w'ubumwe bwa Afrika -- afatwa na benshi nk'uwushobora gusubirira Bwana Zuma.
Yitezwe gutanga imihoho mu burongozi bwa "African National Congress" (ANC) mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Umupfasoni Dlamini-Zuma yavuze ko yizeye ko SABC itazosubira kumusaba ikigongwe.






