Aba Rohingya 60 bahunga mu bwato batwawe

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES
Abantu 60 nibo bavugwa ko bapfuye igihe ubwato bureruye aba Rohingya b'aba Islamu bahunga ubwicanyi bw'i Myanmar bwibiriye hafi ya Bangladesh, niko Onu yavuze.
Ubwo bwato bwubamishijwe n'amazi atari atekanye ku munsi wa kane.
Umuvugizi wa Onu yavuze ko abantu 23 aribo bemezwa ko bapfuye ariko hakaba bandi 40 "babuzwe irengero, bashobora kuba batwawe".
Aba Rohingya baharugwa mu macumi baramaze gupfa bagerageza kujabuka baja i Bangladesh bahunga isekeza ry'igisirikare mu ntara ya Rakhine muri Myanmar.
Ubwicanyi bwadutse itariki 25 ukwezi kw'umunani igihe abagwanyi b'aba Rohingya bateye ku birindiro vy'abajejwe umutekano, bica bituma igisirikare gitangura kubahiga.
Aba Rohingya barenga inusu y'umuliyoni - na cane cane inkehwa z'aba Islamu ntibakundwa i Myanmar, kandi barimwe n'ubwenegihugu - ubu bakaba barahungiye muri Bangladesh.






