Catalonia: Abashaka ubwigenge baracanyinyana na Leta

Ahavuye isanamu, Reuters
Yatangajwe
Abanyagihugu bo mu ntara ya Catalonia muri Espagne bazindutse mu bibanza vy'amashure vyatoranijwe kuzokoreshwa muri kamarampaka yo guhitamwo ku bwigenge bw'iyo ntara.
Bashaka kumenya nimba izo nyubakwa zishobora gukoreshwa nk'ibibanza vyo gutoreramwo, ivyo leta y'igihugu ikaba itabishaka.
Ibihumbi vy'abapolisi bo ku rwego rw'igihugu basabwe kuja gukura abantu muri ivyo bibanza.
Abapolisi bo mu ntara basabwe gufasha ariko badakoresheje inguvu.
Ku munsi wa gatanu, abashigikiye ubwigenge bwa Catalonia bakoreye mitingi mu muji wa Barcelona.
Leta ya Espagne imenyesha ko iyo kamarampaka ku bwigenge bwa Catalonia itemewe n'amategeko kandi iteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro.






