Uwundi mushikiranganji wa Trump yatanze imihoho

Ahavuye isanamu, Ronald Grant
Perezida Donald Trump yakiriye ikete ryo gusezera yahawe n'umushikiranganji w'amagara y'abantu Tom Price, yari asugerejwe kubera gukoresha nabi amafaranga yo mu kigega ca leta.
Bwana Trump yavuze ko yababajwe n'ivyo bwana Price yakoze.
Umunyamakuru wa BBC ari mu buraruko bwa Amerika, avuga ko ikoreshwa ry'indege zizinvye z'abikorera utwabo umushikiranganji Price yakoresheje aja mu bikorwa vya leta, ritari rihuye n'ivyo Trump yemeye mu gihe ciwe co kwiyamamaza.
Umunyabigega mu biro vy'umukuru w'igihugu White House yaciye arungikira ubutumwa abakozi bose, bubibutsa ivyo bategerezwa kwisunga mu gukoresha amafaranga, harimwo ingendo z'indege.
Abandi bakozi batatu bo mu biro vy'umukuru w'igihugu bariko barihwezwa kubera amafaranga bakoresheje mu ndengo zabo.
Bwana Price ni uwa nyuma mu rutonde rw'abandi benshi bamaze kuva mu kazi ku butegetsi bwa Trump, bamwe batanze imihoho abandi birukanywe.






